20 Nukw icubahiro kibe ic’ Imana yacu, ni yo Data wa twese, ibihe bitazoshira. Amen.
20 Icubahiro kibe ic’Imana Data wa twese ibihe vyose, Amen.
Kuko vyose biva muri we, kandi bizanwa na we, kandi vyamuremewe: icubahiro kibe iciwe ibihe bidashira. Amen.
Ntabe ari twebge, Uhoraho, ntabe ari twebge, Arikw izina ryawe abe ari ryo uha icubahiro, Kubg’ imbabazi zawe n’ ukuri kwawe.
Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.
bati Amen, umugisha no guhimbazwa n’ubgenge n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi n’ivy’ Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.
Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.
akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.
ni yo Mana imwe yonyene, Umukiza wacu yadukirishije Yesu Kristo Umwami wacu, ubgiza n’icubahiro n’inganji n’ububasha bibe ivyayo, uhereye kera hose, na bugingo n’ubu, ugashitsa ibihe bidashira. Amen.
mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.
icubahiro kibe icayo mw ishengero no muri Kristo Yesu, kugeza ku buzukuruza bose b’ibihe bitazoshira. Amen.
Izina ryayo ry’icubahiro rihimbazwe ibihe bidashira; Kand’ isi yose yuzure icubahiro cayo; Amen, kandi Amen.
Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.
Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.
Ubuntu bg’Umwami Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu.
Imana ifise ubgenge yonyene, icubahiro kibe icayo kubga Yesu Kristo, ibihe bitazoshira. Amen.
mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.
Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,