Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 4:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kand’ Imana yanje izobamara ubukene bganyu bgose, nk’ukw itunga ry’ubgiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Imana izobaha ivyo mukeneye vyose nk’uko ubutunzi bw’ubwiza bwayo butangaje buri muri Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 4:19
44 Referans Kwoze  

Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.


Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza.


Ubaha umutsima uvuye mw ijuru wo kubamara inzara, ubaha n’amazi adudubiza mu gitandara yo kubamara inyota, ubagera kuja kwinjira igihugu warahiye k’uzokibaha.


Mu mubabaro wanje nambaje Uhoraho, Mbere natakambiye Imana yanje; Yumva ijwi ryanje iri mu ngoro yayo, Ivyo natakamvye biyishika mu matwi.


Bazohāzwa rwose n’ibiryoshe vyo mu ngoro yawe, Kand’ uzobashōra ku ruzi rw’umunezero wawe.


abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza.


ngw abahe, nk’ukw itunga ry’ubgiza bgiwe riri, kuremeshwa n’ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe:


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanūrane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo.


Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa.


Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,


Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.


kugira ngo yerekanire ubutunzi bg’ubgiza bgayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha ubgiza kera,


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


Yemwe Bisirayeli, ni mwizigire Uhoraho, Kukw imbabazi zibonerwa k’Uhoraho, Kandi kuri we ni ho habonerwa gucungurwa kwinshi.


Uhoraho we, ereg’ ibikorwa vyawe n’ivy’ uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: Isi yuzuye ubutunzi bgawe.


ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera,


kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Mikaya aramwishura, ati Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ico Imana imbarira cose ni co nja kuvuga.


Ahezagira Yosefu, at’ Imana, iyo sogokuru Aburahamu na data Isaka bagendera imbere, Imana yandagiye mu kubaho kwanje kwose igashitsa n’ubu,


Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.


Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.


Irya mbere, mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose.


Maz’ abgira Toma, ati Zana hano urutoke rwawe, urābe ibiganza vyanje; zana n’urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba ūtizera, arik’ ube uwizeye.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Nshima Imana yanje ubudasība, nguhoza mu kanwa uko nsenze,


kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.


Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ivyo nagiriye aba bantu uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


Kukw ivyo vyose abanyamahanga ari vyo bitwaririka; ariko So wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena.


Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu


Maze Hezekiya n’abaganwa baje, bakabona ivyo birundo, baciye bashima Uhoraho n’abantu biwe b’Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite