Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 4:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.

Gade chapit la Kopi




Filipi 4:18
15 Referans Kwoze  

Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.


Nzi gucishwa bugufi, nzi no kugira umurengera; muri cose no muri vyose nātiwe ibanga ryo mu vyo guhāga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena.


Kukw igikorwa c’ukwo kugabura kitamara ubgoro bg’abera gusa, ariko kandi kirushiriza gushimisha Imana muri benshi.


Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.


Uheze wosereze ivy’ iyo ntama vyose ku gicaniro: kizoba ar’ ikimazi noserejwe, jewe Uhoraho, n’umubabge umota neza, ikimazi nshikaniwe, gitōngōwe n’umuriro.


bakagomba kumpa ibimazi, jewe Uhoraho, vyo gutōngōrwa n’umuriro bakūye mu masho canke mu mikuku, ar’ ivyo kwoswa, ar’ ivyo gushitsa isezerano, ar’ ivyo batanze bavyigombeye, cank’ ar’ ivyo ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ngo bibe umubabge ummotera neza jewe Uhoraho,


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


Nasahuye ayandi mashengero ndayāka ingero, kugira ngo nkorere mwebge,


n’agakombe kamwe k’izahabu, kuriba kwako ni shekeli cumi; kari kuzuye imibavu;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite