Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 4:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kandi yemwe Bafilipi, namwe n’ico muzi yuko mw itanguriro ry’ubutumwa bgiza, hamwe nava i Makedoniya, ata rindi shengero rya Kristo ryafatanije nanje mu vyo gutanga no guhabga, atari mwebge mwenyene.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Kandi nk’uko mubizi mwese ab’i Filipi, mu misi ya mbere igihe Ubutumwa Bwiza bwabashikira, igihe nagomba kuja i Makedoniya, ata rindi shengero na rimwe ryamfashishije ivyo nari nkeneye, atari mwebwe,

Gade chapit la Kopi




Filipi 4:15
12 Referans Kwoze  

kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bgiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n’ubu.


Bavuye mw ibohero, baja kwa Ludiya, barinjira; bamaze kubona bene Data, barabahanūra, bavayo.


Gehazi, umusuku w’uwo muntu w’Imana Elisa, arivuganya, ati Databuja ko yahebeye Namani uwo Musiriya, ntiyābīre ivyo amugemuye, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, singenda ntirutse ngo ndamuhamvye, ngire ico ndamwiyakira.


Elisa aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwo nsavye, nta kintu na kimwe nshobora kwābīra. Aramugōbēra ngw avyābīre, arikw aranka.


Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


Bene Data, ndagomba ko mumenya yukw ivyambāyeko cane‐cane vyashize imbere ubutumwa bgiza:


Abo babivugishwa n’urukundo, kuko bazi ko nashiriweho gukīranira ubutumwa bgiza:


Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite