13 Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.
13 Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.
mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.
Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.
ngw abahe, nk’ukw itunga ry’ubgiza bgiwe riri, kuremeshwa n’ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe:
Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.
Uhoraho, muri we honyene ni ho har’ ukugororoka n’inkomezi, ni ko bazomvuga; kuri we ni ho abantu bazoza; kand’ abamurakiye bose bazotētērwa.
Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:
Na we ati Ngo. Petero yururuka mu bgato, agendesha amaguru ku mazi, ngw aje aho Yesu ari.