Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Arikw ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe kubga Kristo

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ariko ivyo nahora nibaza ko bifise agaciro, ubu ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi, kubera ivyo Kristo yakoze.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:7
20 Referans Kwoze  

Ni ko biri, umuntu wese muri mwebge adaheba ivy’ afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw icīru? Cank’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?


at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Ico umuntu yicunguza n’ itunga ryiwe, Arik’ umworo ntiyicura imikankamo.


Bamaze kubakūrayo, umwe muri bo aravuga, ati Hunga ntupfe! Ntukebēre inyuma, kandi nturuhe uhagarara utararangiza iki kiyaya cose; hungira kur’ iriya misozi, woye kuranduka.


Maze Satani yishura Uhoraho, at’ Amagara akābga ayandi! Mber’ ivy’ umuntu atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.


Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco.


Gura ukuri, ntugushōre; Bo n’ubgenge n’indero nziza n’ubukerebutsi.


Ariko muka Loti amukurikiye, akebuka inyuma, aca ahinduka inkingi y’umunyu.


Bamaze guhāga, baremurura ubgato, bata ingano mu kiyaga.


kuko yiyumviriye yuko gucokoranwa na Kristo ar’ ubutunzi burengeye itunga ryo muri Egiputa, kuko yatumbera ingero azogererwa.


igihe co kurondera n’igihe co gutakaza; igihe co kubungabunga n’igihe co guta;


Na yo ita impuzu yayo, irabaduka, yēgēra Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite