Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:3
32 Referans Kwoze  

Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;


Ariko noneho ntitukiganzwa n’ivyagezwe, kuko twapfuye ku camye kidufashe, ni co gituma tuba abagurano, dukorera Mpwemu adukoresha uburyo busha, tudakoreshwa bga buryo bga kera bg’inyuguti.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azokūrah’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, n’ukwo mu mitima y’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukundishe imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, mubone kubaho.


Namba tubeshwaho na Mpwemu, tuyoborwe na Mpwemu.


Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.


Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Mwirate izina ryiwe ryera, Imitima y’abarondera Uhoraho inezerwe.


Nuko mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, kandi ntimukomeze kugamika amazosi.


musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


ni bo Banyegiputa n’Abayuda n’Abanyedomu n’umuryango w’Abamoni n’Abanyamowabu, bose abica amasoso, n’ababa mu bugaragwa; kukw amahanga yose ar’ intakebga, kand’ umuryango wose w’Abisirayeli n’intakebga mu mitima.


Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība,


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Uhoraho, muri we ni ho uruvyaro rwose rwa Isirayeli ruzotsindanishiririzwa, rukamwirata.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,


Nuko mfise ukwirata mu vy’Imana muri Kristo Yesu.


cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Ariko s’ukugira ngw ijambo ry’Imana ntiryashitse: kukw abamutse kuri Isirayeli atari bo Bisirayeli bose.


Ko benshi birata ivy’ umubiri, reka nanje nyene ndavyirate.


Abazogendera kur’ urwo rugezo, amahoro abe muri bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana.


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu.


mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpēra y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite