Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mwirinde za mbga, mwirinde za nkozi z’ibibi, mwirinde bamwe bīkebagura.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z’ibibi, bamwe bababwira ko mutegerezwa kwikeba kugira ngo mukizwe.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:2
31 Referans Kwoze  

Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bīgira intumwa za Kristo.


Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


Ariko ni mwashikurana, mugatsontsomerana, mwirinde ntimuhezanye.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Kukw imbga zinkikije, Umurwi w’inkozi z’ibibi wantaye hagati; Bantoboye ibiganza n’ibirenge.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Kiza ubugingo bganje inkota, Ico mfitiye igishika ugikize ububasha bg’imbga.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


ugumye ukwizera, ufise umutima utarimw’ ijwi rikwagiriza ikibi; iryo bamwe bāshibuye bakamera nk’ubgato busāvye mu vy’ ukwizera.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


Kuk’ Umuyuda wo ku rukoba atari we Muyuda; kand’ ugukebga kwo ku rukoba kwo ku mubiri atari kwo gukebga.


Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga, kand’ imaragarita zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura.


Nk’ukw imbga isubira ku vy’ idashwe, Ni kw igipfu gisubira ku bupfu bgaco.


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


Ivyabashitseko n’ivy’ uyu mugani w’ukuri ngw Imbga isubiye ku vy’ idashwe; kandi, ngw Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo.


Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana.


Mva i ruhande, mwa nkozi z’ibibi mwe, Kugira ngo nitondere amabgirizwa y’Imana yanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite