Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:19
52 Referans Kwoze  

Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Mushire imitima ku biri hejuru, ntimuyishire ku biri mw isi.


Ariko hār’ abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bg’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebge hazobah’ abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona: bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bīhamagarire uguhona gutebutse.


Nuko s’ikigoye kw abakozi biwe na bo bīgira nk’abakozi b’ukugororoka: iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo.


Arikw ivyo nkora nzoshishikara kubikora, kugira ngo mbuze inyanduruko abagomba inyanduruko yo kuboneka nkatwe mu vyo birata.


Uko bākomeje kugwira, ni ko bārushirije kuncumurako; icubahiro cabo nzogihindura ibitētērwa.


bababazwe n’ibibi, ni zo ngero z’ubukozi bg’ibibi bgabo. Bumva ibibahimbara ar’ ukwirirwa badayangwa, abo n’amarabaga n’agasembga, badayangishwa n’ivyo bagunze, bagisangira namwe ivyiza.


Kukw abākebge na bo nyene batitondera ivyagezwe, ariko bashaka ko mukebga, ngo birate imibiri yanyu.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


kuko mukiganzwa n’ivy’ akameremere kanyu. Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk’abantu?


Uhoraho, uwukize abantu, uwukirishije ukuboko kwawe; Ni bo bantu b’isi, umugabane wabo uri mur’ ubu bugingo. Inda zabo ziragahāga ivyo wababīkiye, Abana babo barakabihāga, Barakabisigariza n’ibibondo vyabo!


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.


abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana,


n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


kugira ngw abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirwekw iteka.


Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.


Kwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuk’ umwambiro muke wambira irobe ryose?


Namwe mukīkakīsha, ntimubabare, nk’uko mwari mukwiye, kugira ng’uwakoze ico caha akūrwe muri mwebge.


Ariko mweho murarihumanya, kuko muvuga, mut’ Ameza y’Uhoraho aranduye, kandi n’ivyo aduhēra kuri yo vy’ivyo kurya n’ibikēngēretse.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu: ukwirata kwose ben’ ukwo ni kubi.


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu,


Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.


Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Ahindukirira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ ikintsitaza, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’ abantu.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo,


Ut’ Ariko mweho muzirya ibinure, mukambara ubgoya bgazo, mukabāga izinuze; ariko ntimuragira intama.


Wa muhizi we, n’iki gitumye wirata inzigo? Imbabazi z’Imana zihorah’ ibihe vyose.


Nk’uko yihimbaza, akīgirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibgira mu mutima, ngo Mvyagiye nd’umwamikazi, sind’ umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo:


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


None rer’ ico gihe mwari n’imbuto ki mu bibamāramāza ubu? Kukw amaherezo yavyo ar’ urupfu.


Uti Mwamutītūje mu bantu biwe ngo mwironkere ingemu z’ amashi ya sayiri n’ubumanyagu bg’imitsima, uti Kugira ngo mwice abantu batāri bakwiye gupfa, mukize abatāri bakwiye kubaho, uti Mu buryo mubesha abantu biwe bakunda kwumviriza ibinyoma.


Ngo N’iki gituma mutimamukira ibimazi vyiwe n’amashikanwa yiwe, ivyo yashinze ko bamuzanira mu ngoro yiwe, ng’ Ukūbaha abahungu bawe kubamurutisha, mukīgaburira ibinoboye vyo mu bimazi vyose abantu biwe b’Abisirayeli bamushikanira, mukīvyibuhira?


Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.


Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bgiza bg’ubushobozi bgiwe,


Arikw abo bantu batuka ivyo batazi: kandi n’ivyo bamenyeshwa n’akameremere kabo, nk’ukw ibikōko bimeze bitagira ubgenge, na vyo nyene baravyiyonōnesha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite