16 Mugabo rero, ukuri dushitsemwo, abe ari kwo tugenderamwo.
16 Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.
Nuko nk’uko mwākiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mugendera muri we,
Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.
Abazogendera kur’ urwo rugezo, amahoro abe muri bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana.
Arikw Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima yanyu, nk’uko Kristo Yesu agomba,
Ndahanūra Ewodiya, ndahanūra na Sintike, ngo bahūrize imitima mu Mwami wacu.
mwuzuze umunezero wanje muhwanije imitima, musangiye urukundo rumwe, muhūje umutima n’inama.
Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,
Muhūze umutima; ntimushire umutima ku bikomeye, ariko mugendane n’ivyiyoroheje. Ntimwiyite abanyabgenge.
Ko mwagenda neza; ni nde yabateye gutenzekanya ngo ntimwumvire ukuri?
Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;