Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpēra y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:14
20 Referans Kwoze  

Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ ūhērwa akaba umwe? Namwe abe ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impēra.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.


Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo.


Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana,


Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.


Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.


Kukw ingabire z’Imana no guhamagara kwayo itavyicuza.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Ntihakagire umuntu abagunga impēra yanyu, nk’uko yigombera ubgiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n’ubgenge bg’akameremere kiwe,


yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite