Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Bene Data, jeho kubganje sinibgira yuko mmaze kugifata, arikw ico nkora n’iki kimwe gusa, nibagira ibir’ inyuma, kandi nshingīra ibir’ imbere,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:13
15 Referans Kwoze  

Ariko Yesu aramubgira, ati Nta muntu afashe isuka irimishwa n’inka, arāba inyuma, abereye ubgami bg’Imana.


S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu.


Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.


Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,


Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana,


Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize.


arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.


Arikw abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe.


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


Umve mukobga, wiyumvire, ubange ugutwi; Kandi wibagire ubgoko bganyu n’inzu ya so:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite