Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:12
44 Referans Kwoze  

Ivyanje, Uhoraho ni we azobishitsa: Uhoraho we, imbabazi zawe zamah’ ibihe bidashira; Ntuhebe ibikorwa vy’amaboko yawe.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Ni munyumve, yemwe abakurikirana ukugororoka, yemwe abarondera Uhoraho: mwitegereze igitandara mwasatuweko, n’inganzo mwimbgemwo.


ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Mugabo rero, ukuri dushitsemwo, abe ari kwo tugenderamwo.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;


Kukw akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’ akameremere kanka: kukw ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba.


Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Ariko bene Data bakundwa n’Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuk’ uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri.


kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’ Imana, bubake umubiri wa Kristo:


Turanezerwa iyo tugize intege nke, namwe mukagira inkomezi: kand’ ico dusaba ngiki, n’uko mutunganywa rwose.


ariko, ah’ igihingūye kizoshikira, ivy’ agace bizokūrwaho.


Arikw inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, Ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.


Icompa inzira zanje zigashikama Kugira ngo nitondere ivyo washinze.


Ubugingo bganje buri n’ umuvuro, mbere budendebuwe no kwifuza inyubakwa z’Uhoraho; Umutima wanje n’umubiri wanje bivugiriza impundu Imana nzima.


Umutima wanje ukwōmako: Ukuboko kwawe kw’i buryo kurandamira.


Mwirinde, ntihagire umuntu yīhōra uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose.


bībīkire ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo bacakire ubugingo nyakuri.


Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli:


handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.


Kuko guca imanza kuzosubira ku kugororoka, Kand’ abafise imitima itunganye bose ni kwo bazokurikira.


n’ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru, mwegereye n’Imana umucamanza wa bose, n’impwemu z’abagororotsi batunganijwe rwose,


Nk’ukw impongo ihuzagizwa yifuza imigezi, Ni k’umutima wanje uhuzagizwa ukwifuza, Mana.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ ūhērwa akaba umwe? Namwe abe ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impēra.


Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite