Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ibisigaye bene Data, munezererwe mu Mwami wacu. Kubandikira ben’ ivyo ntikundambira, kandi namwe kurabaremesha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibingora gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:1
46 Referans Kwoze  

Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,


Ariko munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe.


Ibisigaye bene Data, ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira.


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa;


Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.


Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje:


Kand’ Abefurayimu bazomera nk’umuhizi, imitima yabo igire akaneza nk’agatewe na vino; mber’ abana babo bazobirāba bagire akaneza, imitima yabo izonezererwa Uhoraho.


Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu,


Ririmba, wa mukobga w’i Siyoni; semerera, yemwe Bisirayeli; nezerwa uhimbarwe n’ umutima wawe wose, yewe mukobga w’i Yerusalemu.


Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere.


Uhimbarwe n’Uhoraho, Na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba.


Yemwe mwa bagororotsi, munezererwe Uhoraho, muhimbarwe: Yemwe abafise imitima itunganye mwese, muvuze impundu y’umunezero.


Ni ho uzonezererwa Īshobora vyose, Ukunamurira amaso yawe ku Mana.


Uwo musi bararya baranywa bar’ imbere y’Uhoraho, bafise akanyamuneza kenshi. Maze bongera kwimika Salomo umuhungu wa Dawidi ubugira kabiri, ngw abe umwami, bamurobanuza amavuta imbere y’Uhoraho ngw abe segaba, na Sadoki ngw abe umuherezi.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Uzobigosora umuyaga ubitumure, agashururu kabishwiragize: nawe uzohimbarwa n’Uhoraho, wirate Uwera w’ Abisirayeli.


Abisirayeli banezererwe Iyabaremye; Abana b’i Siyoni bagirire akaneza Umwami wabo.


Uhoraho arahangamye; isi n’ihimbarwe; Ibizinga vyo mu kiyaga binezerwe uko bingana.


Ibi ndavyibuka, umutima ukantunturira mu nda, Ingene najana n’ishengero, mbajana mu ngoro y’Imana, Tugendana ijwi ry’akanyamuneza n’ishimwe, tur’ ikoraniro rigize umusi mukuru.


Ni ho abakwishimiye bazonezerwa, Umunezero uzobatera guhora bashira amajwi hejuru, kuk’ ubakīngiye, Kandi n’abakunda izina ryawe bazonezererwa muri wewe.


Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


Mwirate izina ryiwe ryera, Imitima y’abarondera Uhoraho inezerwe.


Uko ni kw Abisirayeli bose bādūganye isandugu y’isezerano ry’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba n’inzumbete n’ivyitwa matowazi, bavuza cane n’amakembe n’inanga.


Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.


muheze munezererwe imbere yiwe, Uhoraho Imana yanyu, ha hantu nyene azoba yātoranije ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, munezeranwe n’ abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba i wanyu, n’inyambukīra n’ impfuvyi n’abapfakazi baba muri mwebge.


Ariko muze mubirīre imbere y’Uhoraho Imana yanyu aho hantu azoba yātoranije, mubisangire n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge; muze munezererwe ibikorwa vyose mwakoze, ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu.


Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.


rāba, abasavyi banje bazoririmbishwa n’ umunezero wo mu mitima, ariko mweho muzorizwa n’intuntu yo mu mitima, muborozwe n’ukw imitima yanyu isābijwe n’umubabaro.


Munezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi. Gushima kurabereye abatunganye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite