Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 kuko yagarukiye hafi yo gupfa kubg’ igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngw ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 kuko yahatswe gupfa azira igikorwa ca Kristo akongera agahakwa gupfa ariko ankorera ibikorwa mutari gushobora kunkorera muri hiyo.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:30
15 Referans Kwoze  

Birannezereye ko Stefana na Forutunato na Akayiko baje; bāmmaze inkumbu nari mbafitiye,


Ariko ndanezererewe cane mu Mwami wacu kuk’ ubu mwahavuye mukongera kubabara ivyanje: kandi mwaranabibabara, ariko mukabura uburyo.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.


Kubganje nzonezererwa cane gutanga ivyanje, no kwitanga rwose, nitangira ubugingo bganyu. Mbega ko ndushiriza kubagirira urukundo, non’ urwo nkundwa rugabanuke?


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


Mba ndamugumije kugira ngw ankorere mu gishingo cawe, mboshwe n’iminyororo y’ubutumwa bgiza.


Kandi koko yari yararwaye ahakwa guhwera: arikw Imana imugirira imbabazi, kandi si we wenyene, ni jewe yazigiriye, kugira ng’umubabaro wanje ntiwongerekane.


Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:


Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngw abane namwe ata bgoba; kukw akora igikorwa c’Umwami wacu nkanje.


Kuk’ uyu mubiri ubora ukwiye kuzokwambara ukutabora, kand’ uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa.


kandi bāhevye iyabo mitwe ko yocibga kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene mbashima, ariko n’amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima.


Nuko rer’ urupfu rukorera muri twebge, arik’ ubugingo bukorera muri mwebge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite