Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:3
24 Referans Kwoze  

ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we;


Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari.


Mugamburukanire, kuko mwubashe Kristo.


mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


Mukore vyose ata kwidodomba, ata guhārīra,


Ariko ni mwashikurana, mugatsontsomerana, mwirinde ntimuhezanye.


azoba yikakishije, ata co azi, arwaye ibihāri, n’intambara z’amagambo, zivamw’ igono, no gutongana, n’ibitutsi, n’ikēkwe ribi,


Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Ubgibone butera imitongano gusa, Arik’ ubgenge bubana n’ abemera inama nziza.


Ariko noneho mwiyambure n’ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw’ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amagambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.


Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano;


kuko mukiganzwa n’ivy’ akameremere kanyu. Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk’abantu?


Mbere jewe nd’ inyuma y’izindi ntumwa zose, sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry’Imana.


Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’ isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.


Ariko ku bakēbana ntibumvire ivy’ ukuri, ariko bakumvira ukugabitanya, hazoba uburake no guhambarirwa


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite