Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Nuko mumwākīrane umunezero mwinshi kubg’ Umwami wacu; kand’ abameze nk’uwo mwame mububaha;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Mumwakire mu Mwami n’umunezero mwinshi, mumuhe icubahiro kibereye abantu nka we,

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:29
21 Referans Kwoze  

Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabga icubahiro kirushiriza, kandi cane‐cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha.


Ariko bene Data, turabinginga, mumenye abakora muri mwebge bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanūra,


kuko bāhēmbūye umutima wanje, bo n’uwanyu: mwame mwibuka abameze bartyo.


ngo mumwākīre kubg’ Umwami wacu, nk’uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c’azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo jewe.


Kuk’ uwishimagiza atari we yemerwa, ariko hemerwa uw’ Umwami wacu ashimagiza.


Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngw abane namwe ata bgoba; kukw akora igikorwa c’Umwami wacu nkanje.


Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivy’ akora, atuvuga amagambo mabi y’ubupfu, kandi ntagarukiza kur’ ivyo gusa, arik’ ubgiwe ntiyākīra bene Data, n’ababigomba arababuza, akabaca mw ishengero.


Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Muduhe ikibanza mu mitima yanyu; nta we twagiriye nabi, nta we twononye, nta we twagunze.


Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!


Baduha icubahiro mu buryo bginshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bgato ivyo dukennye.


Haba umunezero mwinshi mur’ ico gisagara.


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwākīra uwo nzotuma azoba anyakiriye, kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye.


Abazokwanka bose kubākīra, mukiva mur’ ico gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.


Ereg’ ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi, akamamaza ivy’ amahoro, akazana inkuru nziza z’ivyiza, akamamaza ivy’ agakiza, akabarira Siyoni, at’ Imana yawe iri ku ngoma!


Ni co gitumye ngira umwete wo kumurungika, kugira ngo ni mwongera kumubona muze munezerwe, nanje ngabanuke umubabaro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite