Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Kandi koko yari yararwaye ahakwa guhwera: arikw Imana imugirira imbabazi, kandi si we wenyene, ni jewe yazigiriye, kugira ng’umubabaro wanje ntiwongerekane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ni vyo yararwaye ahakwa no gupfa, ariko Imana yamugiriye ubuntu nk’ubwo yangiriye, kugira ngo sinicwe no kugira umubabaro ukurwa n’uwundi.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:27
23 Referans Kwoze  

Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, Arik’ Uhoraho ayamukiza yose.


kuko yagarukiye hafi yo gupfa kubg’ igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngw ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.


none ni co gituma mukwiye cane‐cane kumuharira, no kumwirura, ng’ūmeze artyo ntarengerwe n’umubabaro usāgutse.


Nta cabagerageje kitar’ ic’ umuntu yoshobora kwihanganira: arikw Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.


Mur’ iyo misi ararwara, arapfa: bamaze kwuhagira ikiziga, bagishira mu nzu yo hejuru.


Izokurokora mu vyago bitandatu, Mbere no mu vyago ndwi nta kibi kizogukorako.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Uhoraho, numvise inkuru zawe, nabonye igikorwa cawe: Ewe Uhoraho, hēmbūra ico gikorwa cawe hagati mur’ iyi myaka, Hagati mur’ iyi myaka ukimenyekanishe; Mu burake wame wibuka kugira akagongwe.


Uhoraho, umpane, ariko bitarenze urugero: ntumpanane ishavu, ng’ uhave unzimiriza.


Icompa nkabona uko nomarwa umubabaro! Umutima wanje undendebukiyemwo.


Ereg’ icatumye ngira umubabaro w’umururazi mwinshi kwar’ ukugira ngo ndonke amahoro; Kand’ urukundo wakunze ubugingo bganje rwātumye ubukiza urwobo rw’ iborero, Kukw ivyaha vyanje vyose wabirengeje inyuma yawe.


Hamwe wabirukana wabahannye ibitarenze urugero; ku musi w’umuyaga uva i burasirazuba wabavumbuje inkūbi y’umuyaga.


Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Bukeye ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi aza kuri we, aramubgira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuk’ ugira utange, utagikira.


ati Wavuze, uti Mbonye ibara, kuk’ Uhoraho yongereje intuntu ku mubabaro wanje! Kuniha kurandambiye, simbona akaruhuko.


kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye.


Ni co gitumye ngira umwete wo kumurungika, kugira ngo ni mwongera kumubona muze munezerwe, nanje ngabanuke umubabaro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite