Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Ndamurungitse kuko abakumbuye cane kandi ahagaritswe umutima n’uko mwumvise ko yarwaye.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:26
23 Referans Kwoze  

Imana ni yo ntanzekw icabona c’ingene mbagirira igishika mwese, mfise imbabazi za Kristo Yesu.


Ni co gituma mbinginga ngo mwoye kwihebuzwa n’amarushwa yanje yo kubganyu, kukw ari yo cubahiro canyu.


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Amaganya yo mu mutima w’umuntu awutera kwicurikīra, Arikw ijambo ryiza rirawunezereza.


Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.


yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahengeshanya mu mutima.


Ajana Petero na bene Zebedayo bompi, atangura kubabara no guhagarika umutima cane.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Ibitutsi vyammenaguye umutima, ndaremerewe cane: Nareretse ko har’ uwongirira akagongwe, nta wabonetse; N’uko har’ abonyirura, ndabura.


Hanyuma umwami Dawidi amugirira inkumbu nyinshi, kuko yar’ amaze gushira umubabaro w’urupfu rwa Amunoni.


Ivyo murabinezererwa cane, nah’ ubu ar’ igihe gito mubabazwa n’ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza:


Nshima Imana yanje, uko mbibutse kwose,


Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.


Kandi mu kubasengera babagirira inkumbu, kuk’ ubuntu bg’ Imana burushiriza kuba muri mwebge.


Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.


Kuko nifuza kubabona, kugira ngo mbahe ingabire y’impwemu, ibaremeshe;


Maze Paulo aratubaza, ati Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’ izina ry’Umwami Yesu.


Iyo mvuze, nti Hinge nirengagize amaganya yanje, Nēyūre mu maso hanje, hace:


Dawidi abonye uwo mumarayika yageseza abantu, abarira Uhoraho, at’ Erega ni jewe nacumuye, ni jewe nakoze nabi; arikw izi ntama zo zakoze iki? Ndakwinginze, ukuboko kwawe abe ari jewe kurwanya, bo n’inzu ya data.


Kandi mbonye yukw ar’ igikwiye kubatumako Epafurodito, mwene Data dufatanije igikorwa n’intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkennye;


Kandi koko yari yararwaye ahakwa guhwera: arikw Imana imugirira imbabazi, kandi si we wenyene, ni jewe yazigiriye, kugira ng’umubabaro wanje ntiwongerekane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite