Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi mbonye yukw ar’ igikwiye kubatumako Epafurodito, mwene Data dufatanije igikorwa n’intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkennye;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:25
19 Referans Kwoze  

Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.


nk’uko mwigishijwe na Epafura uwo dukunda, umugurano mugenzi wacu, ni we mukozi wa Kristo wo kwizigirwa abagaburira ivya Kristo mu gishingo cacu,


Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.


Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.


na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.


Nk’ukw imbeho ya shelegi imera mu gihe c’iyimbura, Ni ko n’intumwa yizigirwa imerera abayitumye, Kukw ihēmbūra umutima wa ba shebuja.


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha: abo bonyene bo mu bākebge ni bo bakorana nanje kubg’ ubgami bg’Imana, kandi bāmmaze umubabaro.


nabuze uko nduhuka mu mutima wanje, kuko ntasanzeyo Tito mwene Data; nuko narabasezeye, nja i Makedoniya.


Nk’uko wantumye mw isi, ni ko nanje nabatumye mw isi:


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umushumba ntaruta shebuja, kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye.


Muntahirize Purisikila na Akwila abākoranye nanje muri Kristo Yesu,


Muntahirize Urubano, akorana natwe muri Kristo, na Sitaku, uwo nkunda.


kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite