Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko murazi ingen’ uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’ umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:22
20 Referans Kwoze  

Ni co gituma mbatumyeko Timoteyo, umwana wanje nkunda, ayobokera Umwami wacu; azobībutsa inzira zanje zo muri Kristo, nk’uko nigisha hose mu mashengero yose.


ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda: ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


Kukw icanteye kubandikira ar’ iki: kwar’ ukugira ngo mbageze, mmenye uko muri, ko munyumvira muri vyose.


Iri bgirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nk’ukw abavugishwa n’Imana bākuvuzeko ubga mbere, ng’ ufashwe na vyo kurwana intambara nziza,


Kand’ abo tubarungikanye na mwene Data, uwo twagejeje kenshi, akaboneka kw ar’ umunyamwete muri vyinshi, ariko non’ arushiriza kugira umwete, kukw abizigira cane.


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje nyakuri kubg’ ukwizera dusangiye. Ubuntu n’amahoro bibe kuri wewe biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu.


Ariko weho wakurikiye neza ukwigisha kwanje, n’ingeso, n’imigabo, n’ukwizera, n’ukutarambirwa, n’urukundo, n’ukwihangana,


Simfise uwundi ari n’umutima nk’uw’ uwo, yobabara ivyanyu vy’ukuri.


Nuko mubereke ivyerekana urukundo rwanyu mu maso y’amashengero, kandi yuko twari dufise inyanduruko yo kwirata mwebge.


Simbivugiye kubagera, ariko mbivugiye kugeza urukundo rwanyu kw ar’urw’ ukuri, ndarugeragereshe umwete w’abandi.


yashimwa na bene Data b’i Lusitira no muri Ikoniyo.


kand’ ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba;


Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngw abane namwe ata bgoba; kukw akora igikorwa c’Umwami wacu nkanje.


kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bgiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n’ubu.


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


Bene Data, ndagomba ko mumenya yukw ivyambāyeko cane‐cane vyashize imbere ubutumwa bgiza:


Abo babivugishwa n’urukundo, kuko bazi ko nashiriweho gukīranira ubutumwa bgiza:


Ni wibutsa bene Data ivyo, uzoba ur’ umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y’ukwizera n’ay’ inyigisho nziza wakurikiye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite