Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:21
19 Referans Kwoze  

Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we.


Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.


kand’ umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’ abandi.


Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’ Imana,


nk’uko nanje nnezereza bose muri vyose, ntarondera ikigira ico kimmarira ubganje, ariko nkarondera ikigira ico kimarira abenshi, kugira ngo bakire.


ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu,


at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Mbere n’imbga z’ ibigunya, zitigera zihāga; kand’ abo bameze bartyo n’abungere! Nta co bashobora gutahura; bose bījaniye inzira zabo ubgabo, umuntu wese yironderera inyungu impande zose.


Dema yarantaye, kukw akunze iyi si ya none, yīgīra i Tesalonike: Keresikenti yagiye i Galatiya: Tito yagiye i Dalumatiya.


Nk’ukw ivyo Kristo yababajwe vyarushirije kutuzako, ni ko n’ukwirurwa kwacu kwarushirije kugwizwa na Kristo.


Mw ibūrana ryanje rya mbere nta wanyikije, ariko bose barantaye: icompa ntibabiharūrweko.


Ariko Paulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye i Pamfiliya, ntajane na bo mur’ ico gikorwa.


Maze Paulo n’abāri kumwe na we bavuduka i Pafo bari mu bgato, bafata i Peruga h’i Pamfiliya: Yohana abasigayo, asubira i Yerusalemu.


Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.


Urazi yukw abo muri Asiya bose banteye ibitugu, mur’ abo umwe ni Fugelo na Herumogene.


Ariko kurinda ushitsa mu mwaka ugira mirongwibiri na gatatu umwami Yowasi ari ku ngoma, abo baherezi ntibāribgasanure ah’ iyo ngoro yasambutse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite