20 Simfise uwundi ari n’umutima nk’uw’ uwo, yobabara ivyanyu vy’ukuri.
20 Nta wundi n’umwe mfise abitwararitse vy’ukuri nka we.
mwuzuze umunezero wanje muhwanije imitima, musangiye urukundo rumwe, muhūje umutima n’inama.
Ariko murazi ingen’ uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’ umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza.
Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngw abane namwe ata bgoba; kukw akora igikorwa c’Umwami wacu nkanje.
Arikw ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, n’uko yar’ umwivyi, agendana umupfuko, agasotōra ku bibītswemwo.
Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama.
Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda.
kuko nibutse ukwizera kutar’ ukw’ uburyarya kuri muri wewe, kwabanje kuba muri nyogokuru Lowisi no muri nyoko Ewunike: kandi ndazi ntakekeranya yuko kuri muri wewe nawe.
ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.
Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha: abo bonyene bo mu bākebge ni bo bakorana nanje kubg’ ubgami bg’Imana, kandi bāmmaze umubabaro.
Ati Har’ abagore benshi bakora ivyiza, Ariko weho ubarusha bose.
Ariko ni wewe, urunganwe rwanje, Uwo twagendana, umukunzi wanje pfampfe.
Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda.
Arikw Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima yanyu, nk’uko Kristo Yesu agomba,
Ni wibutsa bene Data ivyo, uzoba ur’ umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y’ukwizera n’ay’ inyigisho nziza wakurikiye.
Ariko weho wakurikiye neza ukwigisha kwanje, n’ingeso, n’imigabo, n’ukwizera, n’ukutarambirwa, n’urukundo, n’ukwihangana,