Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ariko nizigijwe n’Umwami Yesu yuko nzobatumako Timoteyo vuba, kugira ngo nanje nze nshire umutima hamwe, ni namenya ivyanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Umwami Yesu niyabikunda, nzobarungikira Timoteyo, kugira ngo nanje nzoterwe intege igihe nzokwumva amakuru yanyu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:19
22 Referans Kwoze  

Ni co gituma mbatumyeko Timoteyo, umwana wanje nkunda, ayobokera Umwami wacu; azobībutsa inzira zanje zo muri Kristo, nk’uko nigisha hose mu mashengero yose.


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


Ni co gitumye ngira umwete wo kumurungika, kugira ngo ni mwongera kumubona muze munezerwe, nanje ngabanuke umubabaro.


Ariko mwari mukwiye kuvuga, mut’ Umwami wacu ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry’ukuri, ni ryo butumwa bgiza bg’agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriwekw ikimenyetso, ni co Mpwemu Yera yasezeranywe,


Timoteyo, dukorana, arabaganūtsa, bo na Lukiyosi na Yasona na Sosipatiro, dusangiye umuryango.


Kandi Yesaya na we yaravuze, ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.


Kand’ izina ryiwe ni ryo abanyamahanga bazokwizigira.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Aravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z’abari n’umubiri, umutima wiwe ukava k’Uhoraho.


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Nukw ashika i Derube n’i Lusitira; hāriy’ umwigishwa yitwa Timoteyo, umwana w’Umuyudakazi umugore yizeye, ariko se yar’ Umugiriki:


abe ari ko namwe munezerwa, munezeranwe nanje.


Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo mmenye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite