Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 kugira ngo ntimugire umugayo cank’ akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’ iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk’amatara mw isi,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:15
42 Referans Kwoze  

mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.


Haguruka ukayangane, kuk’ umuco wawe ushitse, kand’ ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye.


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


Barayihemukiye, ntibakir’ abana bayo, ariko vyabateye agasembga: N’ab’ urunganwe rw’ibidambidambi bagoramye.


Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe.


Ni we azobakomeza gushitsa kw iherezo, kugira ngo ntimuze mugawe kuri wa musi w’Umwami wacu Yesu Kristo.


badakorakora, ariko berekane ukuyoboka kwiza kwose, kugira ngo muri vyose basharize ivyigishwa vy’Imana, Umukiza wacu.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Kand’ abo babanze kugezwa, maze ni batābonekak’ umugayo babone gukora igikorwa c’ibango ryabo.


Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha,


murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo,


ngw aryīshīre, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga.


Igitumye mbabgira ivyo, n’uko kwumvira Imana kwanyu kwamamaye mu bantu bose: ni co gitumye mbanezererwa, ariko ndagomba ko muba abanyabgenge ku vyiza, mukaba abatungu ku bibi.


Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Wame uvuga ivyo, ubahanūra, ubahana, nk’ūfise ububasha rwose. Ntihakagire ūgukēngēra.


ar’ umuntu atabonekak’ umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa kw ar’ ibihumbu cank’ ibiganda.


Abakora ivyaha ubahanire mu maso ya bose, kugira ngw abandi na bo batinye.


Kandi no muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’ abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.


Uwo yar’ itara ryaka rikabonesha, kandi namwe mwamaze igihe muhimbawe n’ukwaka kwiwe.


Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzoguranurwa; kand’ impēra zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b’Īsumba vyose; kukw igirira neza intashima n’ababi.


Yesu arishura, ati Yemwe ab’ iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe; nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire hano.


Kukw ari ho batereka intebe z’imanza, Intebe z’ab’ inzu ya Dawidi.


Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.


Ni co gituma ngomba kw abapfakazi bakiri bato bābīrwa, bakavyara abana, bakubaka ingo zabo, ntibahe umurwanizi urwitwazo rw’ibitutsi.


Ubabgirize ivyo, kugira ngo ntibabek’ umugayo.


Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


Arikw inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, Ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.


Amajambo yose y’akanwa kanje n’ay’ ukugororoka, Kandi muri yo nta kigoramye cank’ ikigoretse.


Maze ba bakuru n’abaganwa baherako barondera urwitwazo rw’ ico borega Daniyeli ku vy’igihugu; ariko bamuburak’ urwitwazo na rumwe cank’ igitiriganye; kuko yar’ umwizigirwa, ntabonekekw amafuti cank’ igitiriganye na kimwe.


ku vy’ ishaka nahama ishengero; ku vy’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wobonye ic’ angaya.


Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.


Abisirayeli bakabona mu maso ha Mose haca ibibatsi; Mose akīsubizako wa mwitwikiro, gushitsa yongeye kwinjira ngw abonane n’Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite