Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:13
39 Referans Kwoze  

ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


s’uko dushobora ubgacu kwiyumvira ikintu cose nk’ah’ ari twebge candurutseko, ariko dushobozwa n’Imana;


yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


Ni co gituma bitava ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana igira ikigongwe.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Yohana arabishura, ati Nta co umuntu ashobora kuronka ubgiwe, atagihawe kivuye mw ijuru.


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


Kandi harih’ uburyo bginshi bgo gukora, arikw Imana n’imwe, ikorera vyose muri bose.


Ni co gituma tubasengera imisi yose, ngw Imana yacu ibemere ko mumeze nk’uko bibereye ihamagarwa ryanyu, kand’ ishikishe ubushobozi ico munezererwa ciza cose n’igikorwa canyu cose kiva ku kwizera:


Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo, nk’uko yabigomvye bikayihimbara:


Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana;


arikw imitima yacu yame ayīgarukanako, kugira ngo tugendere mu nzira ziwe zose, twitondere ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe n’amateka ashinzwe, ivyo yageze ba sogokuruza bacu.


Uhindurire umutima wanje ku vyo wihanikirije, Ariko si ku nyungu mbi.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


itwātiye ibanga ry’ivy’ igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri we,


Kand’ aravuga, ati Ni co catumye mbabgira kw ata wushobora kuza kuri jewe atabihawe na Data.


kandi bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.


kand’ abana bataravuka, batarakora iciza cank’ ikibi, ngw ivy’ Imana yagabiye itoranya bibeho, bitavuye ku vy’abantu bakora, ariko vyavuye kw Ībahamagara,


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.


Mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,


Uhoraho Imana ya ba sogokuruza aragahezagirwa, yashize mu mutima w’umwami imigabo imeze irtyo, yo gushariza ingoro y’Uhoraho ir’ i Yerusalemu.


Nuko, abakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abayuda n’ab’ Ababenyamini, bo n’abaherezi n’ Abalewi n’abandi bose Imana yateye umwete, bava hasi kugira ngo baje gusubira kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu.


Kandi n’i Buyuda ukuboko kw’ Imana kubaha guhūza umutima, bumvira ico cagezwe c’umwami n’ abaganwa kivuye kw ijambo ry’ Uhoraho.


Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.


Uhoraho, uzoturonsa impore, kukw ivyo dukora vyose ari wewe ubidusohoreza.


Ntuhindurire umutima wanje ku kibi na kimwe, Ngo mfatanye ibikorwa vyo kugabitanya N’inkozi z’ibibi: Noye gusangira na zo ibigemanije vyazo.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Rāba, ivyo vyose Imana ni yo ibikora, Igenza irtyo umuntu kabiri, mbere n’ubugira gatatu,


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite