Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame, ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu,

Gade chapit la Kopi




Filipi 2:10
17 Referans Kwoze  

Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Kand’ ah’ izokwongera kuzana imfura yayo mw isi, it’ Abamarayika b’Imana bose bamusenge.


Ni co gituma mpfukamira Data wa twese,


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


vy’ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.


batsiba igitsibo c’amahwa, bakimwambika mu mutwe, bashira n’irenga mu kuryo kwiwe; baramupfukamira, baramucurīra, bati Ndagize bgakeye Mwami w’Abayuda!


Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’ umuntu wese yakoze.


Arikw iryo jambo ngo Yaradūze, n’iki? Mbega ntiryerekana yuko yabanje kumanuka i kuzimu?


Arikw Imana yamwishuye ngw iki? Iti Nishigarije abantu ibihumbi ndwi batāpfukamiye Bayali.


Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.


amuha kugendagendera mu mukogote wa kabiri ku wiwe; bakagenda barasemererera imbere yiwe, bati Ni mumupfukamire! Nukw amuha kugaba igihugu cose ca Egiputa.


Ni muze tumusenge twunamye, Dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu,


Ntihāgira uwo mw ijuru cank’ uwo kw isi cank’ uw’ i kuzimu ashobora kuzingurura ico gitabo canke kukirāba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite