Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Imana ni yo ntanzekw icabona c’ingene mbagirira igishika mwese, mfise imbabazi za Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Imana ni yo yomenya ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:8
24 Referans Kwoze  

Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.


Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība,


Nibuka amosozi yawe, ngakumbura kukubona, ngo nuzure umunezero:


Ni ko twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, s’ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubgacu bugingo na bgo, kuko mwabaye abo dukunda rwose.


Ndavuga ukuri muri Kristo, simbesha, ijwi ryo mu mutima wanje ribgiririkanya nanje muri Mpwemu Yera,


Ni we nyene nkurungikiye, ni we mutima wanje.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ndagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n’ab’i Lawodikiya n’abatarankubita ijisho bose uko bangana,


bana banje bato, abo nongera kuramukwa, gushitsa ah’ ishusho ya Kristo izoremerwa muri mwebge.


Ku vyo mbandikiye, ehe nd’imbere y’Imana, simbesha.


Kand’ umutima wiwe urushiriza kubagirira igishika, uko yibutse ingene mwanyumviye mwese, n’ingene mwamwākiriye mutinya, muhinda agashitsi.


ntimwāgiwe muri twebge, yamara mwāgiwe mu mitima yanyu.


Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru,


Tereza inyonga hasi uri mw ijuru, witegereze ur’ i wawe, ah’ ukwera kwawe n’icubahiro cawe biri: rya shaka ryawe n’ibikorwa vyawe vy’ubushobozi biri hehe? Igishika n’imbabazi umfitiye ko bibujijwe kunshikīra!


Umutima wanje ucurira intimba Mowabu nk’inanga, no mu nda yanje har’ intimba y’i Kiri‐heresi.


Arik’ ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’ uyo, mbeg’ ugukunda Imana kwoguma muri we gute?


Ego, mwene Data, nkubonemw’ ikimazi mu Mwami wacu: unduhure umutima muri Kristo.


Kukw ata na rimwe twigeze kuvuga ijambo dushashe akarimi, murabizi, cank’ ijambo ryo guhisha ukwifuza, Imana ni yo cabona c’ivyo.


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye.


Nuko namba har’ ukuremeshwa muri Kristo, namba har’ ukwirurwa kuva mu rukundo, namba har’ ugusangira Mpwemu, namba har’ imbabazi n’ikigongwe,


Turanezerwa iyo tugize intege nke, namwe mukagira inkomezi: kand’ ico dusaba ngiki, n’uko mutunganywa rwose.


Rāba n’ubu Icabona canje kiri mw ijuru, Ūnyineze ar’ iyo hejuru.


Mwese mur’ abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite