Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 ko mudakangwa n’abarwanizi ku kintu na kimwe; ico kizobera abo ikimenyetso co guhona, ariko mwebge ic’ agakiza, kandi kivuye ku Mana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Ntimuterwe ubwoba n’ababagwanya. Ico ni co kizobabera ikimenyetso ko bagiye kurandurwa, ariko ko mwebwe mugiye kuronka agakiza, na ko kakaba kava ku Mana yonyene.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:28
24 Referans Kwoze  

Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Yemwe abazi ivy’ ukugororoka, ihanga rifise ivyagezwe vyanje mu mitima yanyu, ni munyumve: ntimugatinye ibitutsi vy’abantu, canke ngo murandurwe imitima n’ ugucokora kwabo.


Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.


Ni co gituma tuvuga dushize ubgoba, tut’ Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?


Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


Maz’ abafise umubiri bose bazobona agakiza k’Imana.


Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?


Ewe Uhoraho, niteze agakiza kawe!


Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva. [


Umuntu wese anshikanira ikimazi c’ishimwe aba ampesheje icubahiro: Kand’ ūtunganya ingeso ziwe Nzomwereka agakiza k’Imana.


Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;


Abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite