Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko namb’ ari kubaho mu mubiri, ico kizonyamira imbuto z’igikorwa, kandi sinzi ico mpitamwo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Mbandanije kubaho mu mubiri, vyotuma nama ivyamwa vyinshi ku bwa Kristo. Mu vy’ukuri, sinzi ico nohitamwo!

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:22
14 Referans Kwoze  

kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba.


Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


yamara kuguma mu mubiri ni co corushiriza kubagirira ikimazi.


Kandi none, bene Data, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n’ababaganza na bo n’uko.


Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri,


Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; Ntarabarira ab’ igihe kizoza amaboko yawe, Ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.


Ndagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n’ab’i Lawodikiya n’abatarankubita ijisho bose uko bangana,


Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi ukw ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana,


Abantu babonye Mose atevye kur’ uwo musozi, atamanutse, bakoranira kuri Aroni, baramubarira, bat’ Enda, n’uturonkere imana zo kutuja imbere; kuk’ umwe Mose yadukūye mu gihugu ca Egiputa, tutazi ico yabaye.


Maz’ ariyankira, yishura inabuja, at’ Erega databuja nta co yibazako ku vyo ngaba vyo mu rugo, mbere yanjeje ivy’ afise vyose;


Abimeleki aramwishura, at’ Ivyo sinzi uwabikoze, kandi nawe ntiwigeze kubimbgira, kandi sinigeze no kuvyumva, atar’ uyu musi.


Kandi bene Data, singomba ko mutamenya yuko kenshi nari mfise imigabo yo kuza i wanyu, ngo mbone imbuto muri mwebge namwe, nk’uko nazibonye mu yandi mahanga, ariko ngira ikimbuza kugeza n’ubu.


Ndazazaniwe mur’ ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw ari co kirushirije cane:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite