Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kuko kubganje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ar’ inyungu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Kuko kuri jewe, ubuzima ni Kristo, gupfa na kwo ni inyungu.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:21
16 Referans Kwoze  

Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


ego me turinda mu mutima, kand’ ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu.


Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.


Ndazazaniwe mur’ ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw ari co kirushirije cane:


Kristo, ni we bugingo bgacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekananwa na we muri mu bgiza.


Ni co gituma na ntaryo turinda mu mutima, kandi tumenya yukw iyo tur’ i wacu mu mubiri tuba tugerereye kure y’Umwami wacu —


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.


Ariko jeho sinkirate ikindi, atar’ umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambge, nanje isi nkayibera ikibambge.


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.


ari Paulo, canke Apolo, canke Kefa, cank’ isi, cank’ ubugingo, cank’ urupfu, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, vyose n’ivyanyu,


Ariko namb’ ari kubaho mu mubiri, ico kizonyamira imbuto z’igikorwa, kandi sinzi ico mpitamwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite