Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 kuko nzi yukw ivyo bizomviramw’ agakiza, munsengeye kandi ndonkejwe Mpwemu wa Yesu Kristo;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’ubufasha bwa Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:19
11 Referans Kwoze  

Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.


Bashitse ahabangikanye n’i Musiya, bagerageza kuja i Bituniya, Mpwemu wa Yesu ntiyabakundira:


namwe muhūje imitima yo kudufasha mudusengera, ngw ingabire twaheshejwe na benshi, benshi bayishimire Imana kubgacu.


Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data.


Ariko mweho ntimuganzwa n’akameremere k’umubiri, ariko muganzwa n’impwemu, bisanzwe Mpwemu w’Imana aba muri mwebge. Arikw iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe.


Ni co gituma mbatumyeko Timoteyo, umwana wanje nkunda, ayobokera Umwami wacu; azobībutsa inzira zanje zo muri Kristo, nk’uko nigisha hose mu mashengero yose.


basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Ībaha Mpwemu, igakorera ibitangaza muri mwebge, mbeg’ ibikoreshwa n’uko mukora ibikorwa vy’ivyagezwe, canke n’uko mwumvise mukizera?


Har’ ico biriko? Kizima mu buryo bgose, ari mu buryarya ari mu kuri, Kristo avugwa, kand’ ivyo ndabinezererewe, kandi nzokwama mbinezererwa;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite