Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abo babivugishwa n’urukundo, kuko bazi ko nashiriweho gukīranira ubutumwa bgiza:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Abo babikora kubera kunkunda, kuko bazi ko mbohewe hano kubera kugwanira Ubutumwa Bwiza.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:16
13 Referans Kwoze  

Kuko tutari nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.


Bene Data, ndagomba ko mumenya yukw ivyambāyeko cane‐cane vyashize imbere ubutumwa bgiza:


murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo,


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


Kuko bahama uwo wakubise; Kandi bongeranya umubabaro w’abo wakomerekeje.


Ūdendebukiwe bikwiye kw atera akagongwe abakunzi biwe, Naho yoba aretse kwubaha Ūshobora vyose.


Erega nanje noshoboye kuvuga nkamwe, Iyaba ari mwebge mwari mumeze nkanje, Nanje noshoboye gukoranya amagambo yo kubanegura, Nkabazunguriza umutwe.


Ngenjeje ntyo mbikunze, ndagererwa; ariko ngenjeje ntyo ntabikunze na ho nyene ngōbērwa n’ububgiriza nizigiweko.


kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bgiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n’ubu.


Ariko murazi ingen’ uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’ umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza.


Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.


Kandi yemwe Bafilipi, namwe n’ico muzi yuko mw itanguriro ry’ubutumwa bgiza, hamwe nava i Makedoniya, ata rindi shengero rya Kristo ryafatanije nanje mu vyo gutanga no guhabga, atari mwebge mwenyene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite