Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kand’ abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, bāremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga Ijambo ry’Imana bashize ubwoba.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:14
16 Referans Kwoze  

ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


Kw izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu, Tukayisenga ata bgoba,


kugira ngo ndariserure nk’uko nkwiye kuvuga.


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


Tukiko mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, umugenzi dukorana mu Mwami wacu, azobīgānira ivyanje vyose.


Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.


Ni co gituma mbinginga ngo mwoye kwihebuzwa n’amarushwa yanje yo kubganyu, kukw ari yo cubahiro canyu.


Nuko ko dufise icizigiro kingana girtyo, tuvuga tutabobotereza na gatoya,


Mvuga ntababembeteranyako na mba, ndabirata cane. Nuzuye ihūmure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


ubgo mbabarizwamwo, no kubohwa nkabohwa, nk’inkozi y’ikibi; arikw ijambo ry’Imana ntiriboshwe.


Abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite