Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 bituma ingoyi zanje zo kubga Kristo zimenyekana mu basoda bahora bashibama kwa Kayisari bose, no mu bandi bose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Kuko umuntu wese hano, mbere n’abacunze ikirimba bose barimwo, barazi neza ko ndi mw’ibohero kubera Kristo.

Gade chapit la Kopi




Filipi 1:13
17 Referans Kwoze  

ubgo mbabarizwamwo, no kubohwa nkabohwa, nk’inkozi y’ikibi; arikw ijambo ry’Imana ntiriboshwe.


Ni co gituma jewe Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, mbohewe mwebge abanyamahanga —


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


kuko nd’ intumwa yabgo iboheshejwe umunyororo, nsigure ivyabgo nshize amanga, nk’uko bimbereye kuvuga.


Paulo, ati Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yukw atoba wewe wenyene, ariko n’abanyumva uyu musi mwese, ko vyobahindura nkanje, ukūye iyi minyororo.


Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.


Amara mu nzu yiwe yatangiye ikibuguro imyaka ibiri yiramvuriye: yama yākīra abaje kumugendera bose,


Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonāna: kukw ivyo Abisirayeli bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uyu munyororo.


Imisi itatu ishize ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira, ati Bagabo bene Data, naho ntāgize ikibi nakoze ku bgoko bgacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bāmpaye Abaroma nd’imbohe, bamvanye i Yerusalemu.


maze basohotse baravugana, bati Nta co uyu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


muri muri ya ntambara mwambonanye kand’ iyo munyumvana n’ubu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite