Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filemoni 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.

Gade chapit la Kopi




Filemoni 1:7
11 Referans Kwoze  

Ni co catumye duhūmurizwa. Kandi mur’ ukwo guhūmurizwa turushiriza guterwa umunezero n’umunezero wa Tito, kuk’ umutima wiwe waruhuwe namwe mwese.


N’ishimwe ki twoshobora kwishura Imana kubganyu, kubg’ umunezero wose tubanezererwa imbere y’Imana yacu?


Mvuga ntababembeteranyako na mba, ndabirata cane. Nuzuye ihūmure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose.


Ego, mwene Data, nkubonemw’ ikimazi mu Mwami wacu: unduhure umutima muri Kristo.


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


Ndanezerewe cane, kuko nasanze bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko twagezwe na Data wa twese.


Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n’isoni n’umunyororo wanje,


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


kuko bāhēmbūye umutima wanje, bo n’uwanyu: mwame mwibuka abameze bartyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite