Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filemoni 1:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.

Gade chapit la Kopi




Filemoni 1:24
15 Referans Kwoze  

Luka, umuganga akundwa, na Dema, barabatasha.


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.


Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga.


Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.


Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.


Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye n’ukuri gukora igikorwa.


Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.


Kandi mbonye yukw ar’ igikwiye kubatumako Epafurodito, mwene Data dufatanije igikorwa n’intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkennye;


Ivya Tito, ni we dufatanije igikorwa, kandi ni mugenzanje dukorana ivyanyu; kand’ ivya bene Data abo, n’intumwa z’amashengero, kandi n’icubahiro ca Kristo.


Maze Paulo n’abāri kumwe na we bavuduka i Pafo bari mu bgato, bafata i Peruga h’i Pamfiliya: Yohana abasigayo, asubira i Yerusalemu.


Ishengero ry’i Babuloni ry’abātoranijwe nkamwe rirabatasha, bo na Mariko, umwana wanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite