Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filemoni 1:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ni jewe Paulo nandikishije ukwanje kuboko yuko nzovyishura: reka noye kukubgira yuk’ uri n’umwenda wanje, uwo mwenda ni wewe ubgawe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Jewe Pawulo, ndabikwandikiye n’ukuboko kwanje: nzorikuriha. Sinorinda kukwibutsa ko nawe umfitiye ideni ry’ubuzima bwawe.

Gade chapit la Kopi




Filemoni 1:19
14 Referans Kwoze  

Murābe ingene mbandikishirije ukwanje kuboko inyuguti nini‐nini.


Umve, jewe Paulo ndababgira yuko ni mwakebga, Kristo ata co azobamarira.


Kuko naho mufise muri Kristo ababarera ibihumbi cumi, ntimufise ba so benshi, kukw ari jewe nabavyaje ubutumwa bgiza muri Kristo Yesu.


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje nyakuri kubg’ ukwizera dusangiye. Ubuntu n’amahoro bibe kuri wewe biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu.


ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


Ni mwebge cete cacu, canditswe ku mitima yacu, ico abantu bose bamenya bagasoma.


Jewe ndamwishinze, abe ari jewe uzomubaza: ni ntamukugarukanira, ngo mmugushikirize, nzoba ngukoreye icaha kitazomvako gushitsa ibihe bidashira.


Nanje Terutiyo, nanditse iki cete, ndabaganūtsa mu Mwami wacu.


twebge (sinovuga mwebge) ntituze tumāramāzwe n’ivyo twari twizigiye, namb’ Abanyamakedoniya bamwe bazozanana nanje bagasanga mutiteguye.


Jewe Paulo ubganje ndabinginga kubg’ ubugwaneza n’ineza vya Kristo, jewe umuntu aciye bugufi muri mwebge imbere yanyu, arikw iyo tutari kumwe ndabubahuka;


Arikw asangwa har’ ico yaguhemukiyeko, canke har’ umwenda agufitiye, ubimparūreko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite