Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filemoni 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 atakir’ umugurano wawe, arikw aruta umugurano, ari mwene So, akundwa: akundwa nanje cane, arikw arushiriza gukundwa nawe, mu vy’umubiri no mu Mwami wacu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 atakiri umugurano, ahubwo arengeye umugurano, ari mwene Data w’umukundwa. Ndamukunda cane ariko ndazi ko wewe umukunda kundusha, haba mu buryo bw’umubiri nk’umuvukanyi, canke nka mwene Data mu Mwami wacu.

Gade chapit la Kopi




Filemoni 1:16
10 Referans Kwoze  

Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atar’ iyo babahagarikiye gusa, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere mutagira ubupfunya mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru.


None, ntimukitwe Rabi, kuk’ umwigisha wanyu ar’ umwe, namwe mwese mur’ abavukana.


Kand’ abafise ba shebuja bizera, boye kubagayishwa n’ukw ari bene Data, ariko barushirize kubakorera, kukw abagirirwa ico kimazi ar’ abizera n’abakundwa. Uze wigishe ivyo, ubibahanūre.


Uwahamagawe n’Umwami wacu ar’ umugurano, aba acitse uwidegemvya acunguwe n’Umwami. Ni ko, uwahamagawe n’Umwami ar’ uwidegemvya, aba acitse umugurano wa Kristo.


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite