Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filemoni 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, na Timoteyo mwene Data, turakwandikiye Filemoni uwo dukunda, dusangiye igikorwa,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu, na mwene Data Timoteyo, Turakwandikiye wewe Filemoni, mwene Data dukunda cane kandi dusangiye ibikorwa,

Gade chapit la Kopi




Filemoni 1:1
18 Referans Kwoze  

Ni co gituma jewe Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, mbohewe mwebge abanyamahanga —


mpisemwo kukwinginga kubg’ urukundo, uko ndi kose Paulo umutāma, kandi none nd’imbohe ya Kristo Yesu.


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, na Timoteyo mwene Data,


Kandi mbonye yukw ar’ igikwiye kubatumako Epafurodito, mwene Data dufatanije igikorwa n’intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkennye;


Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.


Nuko ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, cank’ izanje imbohe yiwe. Arik’ ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubg’ ubutumwa bgiza, nk’uk’ ubushobozi bg’Imana bugushoboza,


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha: abo bonyene bo mu bākebge ni bo bakorana nanje kubg’ ubgami bg’Imana, kandi bāmmaze umubabaro.


Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, na Timoteyo mwene Data, turabandikiye abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari muri Akaya hose:


na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.


Paulo na Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw ishengero ry’i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo:


kuko nd’ intumwa yabgo iboheshejwe umunyororo, nsigure ivyabgo nshize amanga, nk’uko bimbereye kuvuga.


Nukw ashika i Derube n’i Lusitira; hāriy’ umwigishwa yitwa Timoteyo, umwana w’Umuyudakazi umugore yizeye, ariko se yar’ Umugiriki:


Mwese mur’ abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu:


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


Epafura, mugenzanje tubohanywe muri Kristo, aragutasha,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite