Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Esiteri 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe.

Gade chapit la Kopi




Esiteri 1:3
16 Referans Kwoze  

Maz’ umusi uragera, uburyo buraboneka: war’ umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode; atumira abaganwa biwe, n’abakuru b’abagabisha b’abasoda, n’abapfasoni b’i Galilaya, ngo baze abatereke.


Umwami Belushaza arondeza amazimano menshi, atumira abaganwa biwe igihumbi, na we yuhira igiturire ar’ imbere yabo.


Maz’ umwami atumirira abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe amazimano akomeye; kand’ ayo mazimano yari kubga Esiteri; ibihugu abiharira ikori, agaba ingabire, nk’ukw ikiganza ciza c’umwami cari kiri.


Maze Salomo aribambura, amenya kw ar’ inzozi. Maz’ aja i Yerusalemu, ahagarara imbere y’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, ahosereza ibimazi, ahatangira n’ibimazi vy’ishimwe, atumirira abantu biwe bose amazimano.


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni mudūge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize.


Ku musi ugira gatatu, ari wo musi wo kwibuka ukuvuka kwa Farawo, atumirira amazimano abamenyekana biwe bose; araheza abohora wa mukevyi mukuru na wa musukūzi mukuru hagati y’abo bamenyekana.


Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi.


Maze Dariyo abona kw ari vyiza kugabanganya igihugu abaganwa ijana na mirongwibiri, ngo bakwire igihugu cose.


Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.


Kand’ abār’ akadasohoka ku mwami bāri Karishena na Shetari na Adimata na Tarishishi na Meresi na Marisena na Memukani, abaganwa ndwi b’i Buperesi n’i Bumedi; bār’ abishikira b’umwami, bakaba n’aba mbere mu bgami bgiwe.


ngo Kuro, umwami w’i Buperesi aravuze, at’ Uhoraho Imana Nyen’ ijuru yangabiye ibihugu vyose vyo mw isi. Kandi yangeze ngo ndamwubakire ingoro i Yerusalemu mu Buyuda.


Amara imisi myinshi yerekana ubutunzi bg’ ubgami bgiwe bg’icubahiro, n’ igitinyiro c’ubugabe bgiwe bg’ agahebuza; ashitsa imisi ijana na mirongumunani.


Maze mu mwaka ugira icumi na kabiri umwami Ahasuwerusi ari ku ngoma, mu kwezi kwa mbere kwitwa Nisani, bapfindira Puri imbere ya Hamani, ari bgo bupfindo, bapfinda umusi uw’ ari wo, n’ukwezi ukw ari kwo, ubupfindo bgerekana ukwezi kw’icumi na kabiri, kwitwa Adari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite