21 Iyo nama umwami n’abaganwa barayishima; umwami abigenza nk’ukw inama ya Memukani yar’ iri.
Maz’ umwigeme uzoshima az’ abe umwamikazi mu gishingo ca Vashiti. Nuk’ umwami ashima iyo nama, abigenza artyo.
Iyo nama ishimwa na Farawo n’abishikira biwe bose.
Umwami avyemeye, hoshingwa ibgirizwa ry’umwami, maze rikandikwa mu vyagezwe vy’Abaperesi n’Abamedi, rikoya guhinduka, yuko Vashiti atazokwongera guseruka imbere y’umwami Ahasuwerusi; kandi n’icubahiro ciwe c’ubgamikazi agihe uwundi amurusha kwubaha.
Maz’ iteka umwami aribuce ni ryamara kwamamara mu bihugu vyiwe vyose iyo biva bikagera, abagore bose bazoca bubaha abagabo babo, abahambaye n’aboroshe.
Nukw arungika ivyete mu bihugu vyose vy’umwami, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri, ng’umugabo wese yiganze mu rugo rwiwe, kandi ngo bavyamamaze mu ndimi z’abantu biwe uko zingana.