Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 9:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 9:9
28 Referans Kwoze  

Bgirukiro, ukugororoka n’ukwawe, ariko tweho mu maso hacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, nk’uko bimeze mur’ iyi misi ku bagabo b’i Buyuda, no ku baba i Yerusalemu, no ku Bisirayeli bose, abari hafi n’abari kure, basanzaye mu bihugu vyose wabirukaniyemwo, kuko bagusohoye.


twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi, twaragararije, twaratambamye tuva ku mateka washinze no ku vyo wageze.


Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Yemwe Bisirayeli, ni mwizigire Uhoraho, Kukw imbabazi zibonerwa k’Uhoraho, Kandi kuri we ni ho habonerwa gucungurwa kwinshi.


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


Ariko guharirwa kubonerwa kuri wewe Kugira ngo wubahwe.


Kandi ni wewe Mwami, ufise imbabazi: Kuko wishura umuntu wese ibikwiranye n’ico yakoze.


Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Nzokwamamaza ukugira neza kw’Uhoraho n’ishimwe ryiwe, nk’ ukw ivyo Uhoraho yatugiriye vyose bingana; mvuge n’ivyiza vyinshi yagiriye inzu ya Isirayeli, nk’ukw imbabazi ziwe ziri, kandi nk’uk’ ukugira neza kwiwe kwinshi kungana.


umunyavyaha n’areke inzira yiwe, ūgabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k’Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.


Arikw ab’ inzu ya Isirayeli bārangararije bari mu bugaragwa: ntibāgendera mu mabgirizwa yanje, ariko bāgaye ivyagezwe vyanje, kand’ ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye; kandi n’amasabato yanje bārayaziruye rwose. Nuko rero nca mmaramaza ko ngiye kubasukak’ uburake bganje bari mu bugaragwa, mbaherengeteze.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


Yamara naho bimeze birtyo, imbabazi zawe nyinshi zakubujije kubahonnya rwose, ntiwabata, kuk’ ur’ Imana y’inyabuntu kandi y’imbabazi.


Kand’ uze wame wumva ukwinginga kwanje, jewe umusavyi wawe, n’ ukw’ abantu bawe b’Abisirayeli, uko tuzosenga dutumbereye aha hantu; ego me koko, uze wame uvyumva uri mw ijuru ah’ uba, kand’ uk’ uzovyumva, uze wame uharira.


Ntitwumviye abasavyi bawe, ari bo bavugishwa nawe, bāvuga mw izina ryawe babarira abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bose bo mu gihugu.


Bgirukiro, tweho mu maso hacu, twe n’abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, kuko twagucumuyeko.


Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite