Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 9:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Bgirukiro, ukugororoka n’ukwawe, ariko tweho mu maso hacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, nk’uko bimeze mur’ iyi misi ku bagabo b’i Buyuda, no ku baba i Yerusalemu, no ku Bisirayeli bose, abari hafi n’abari kure, basanzaye mu bihugu vyose wabirukaniyemwo, kuko bagusohoye.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 9:7
34 Referans Kwoze  

Ni co catumye Uhoraho ashira umutima kur’ ivyo vyago, akabiduteza; kuk’ Uhoraho Imana yacu ari yo igororoka mu bikorwa vyayo vyose ikora; ariko twebge ntitwumviye ijwi ryayo.


Bgirukiro, tweho mu maso hacu, twe n’abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, kuko twagucumuyeko.


Ni turambarare hasi mu gatētereza kacu, twipfuke ubumāramāre bgacu; kuko twacumuye k’Uhoraho Imana yacu, twe na ba sogokuruza, kuva mu buto bgacu gushitsa no kur’ uyu musi, ntitwumvire Uhoraho Imana yacu.


Ubugene nkēngeretse bunyama imbere umusi ukīra, Isoni zo mu maso hanje zirantwikiriye,


Kand’ Uhoraho azobasābagiriza mu mahanga, kandi muzosigara mur’ inkehwa mur’ ayo mahanga, iyo Uhoraho azoba yarabajanye.


None rer’ ico gihe mwari n’imbuto ki mu bibamāramāza ubu? Kukw amaherezo yavyo ar’ urupfu.


Kuko rāba nzobishinga, ngosorere ab’ inzu ya Isirayeli mu moko yose, nk’ibigosozwa urutaro, ariko nta gatete na kamwe kazokorokera hasi.


Ni ho muzokwibukira ingeso zanyu mbi, n’ibikorwa vyanyu bitari vyiza; kandi muzokwiyanka urunuka, kubg’ ibigabitanyo vyanyu n’ibizira mwakoze.


kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira.


Ewe Uhoraho, iyo nkubūranije uboneka k’ugororotse; yamara na ho nyene nogomvye ko dusiguzanya: mbeg’ igituma abanyakibi bagenda bagubga neza mu kubaho kwabo n’iki? N’iki gituma abaryarukanyi bose bidibamira ngaho?


Bazotētērwa, bamāramāre bose, bazomāramārira hamwe, abakora ibishushanyo vy’ibigirwamana.


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Ur’ umugororotsi, Uhoraho we, Imanza zawe ziragororotse.


Unkize umwenda w’amaraso y’umuntu, Mana, we Mana y’agakiza kanje; Ni ho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugororoka kwawe.


Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza.


Ariko mur’ ivyo vyose vyatubayeko, weho wama uboneka ugororotse, wama ukora ibiroranye, yamara twebge twakoze ibibi.


None rero kw ivyo vyose bidushitseko, tukaba dutsinzwe n’ivyo twakoze vyinshi, tuzize ingeso zacu mbi, nawe Mana yacu ukaba utaduhannye igihano cari gikwiranye n’ibigabitanyo vyacu, kuk’ udushigarije amasigarira angana artya,


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Uhoraho Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’ amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’ imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.


Mu gihe ciwe Abayuda bazokizwa, Abisirayeli bibere amahoro: kand’ iri ni ryo zina azokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.


Mur’ iyo misi Abayuda bazokira, i Yerusalemu hazoba amahoro: kand’ iri ni ryo zina hazokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.


Ūri kure azokwicwa n’ikīza, ūri hafi azokwicwa n’inkota; kandi n’ ūsigaye asāgirijwe azokwicwa n’ inzara: uko ni ko nzokwimara uburake mbafitiye.


Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


Bakikije Yerusalemu nk’abarinda ivyona umurima, kuko hangararije, ndabivuze jewe Uhoraho.


Mbega ni jewe baritera gusa? Si bo baryitera, ngo bibazanire ukumāramāra? ni jewe Uhoraho mbibajije.


kubg’ ibibi vyose Abisirayeli n’Abayuda bakoze kugira ngo bantere ishavu, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo, na ba kamenyi babo n’abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu.


Ni co gituma ba se b’abana bazobarīra hagati muri wewe, n’ abana bazorya ba se; kandi nzocira amateka muri wewe, n’amasigarira yawe yose nzoyashwiragiriza mu birēre vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite