Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 9:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ntitwumviye abasavyi bawe, ari bo bavugishwa nawe, bāvuga mw izina ryawe babarira abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bose bo mu gihugu.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 9:6
29 Referans Kwoze  

ntitwumvire Uhoraho Imana yacu, ngo tugendere mu vyagezwe na we yadushize imbere, abirungikanye abasavyi biwe, ari bo bavugishwa na we.


Abami bacu n’abakuru bacu n’abaherezi bacu na ba sogokuruza bacu ntibitondeye ivyagezwe vyawe, ntibumviye amabgirizwa yawe n’imbūri wababūriye.


Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; kand’ ibigabitanyo vyacu ni vyo vyatumye twe n’abami bacu n’ abaherezi bacu tugaburwa mu maboko y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’ inkota, tukajanwa tur’ imbohe, tukanyagwa utwacu, tukaba ibimāramāre nk’uko bimeze uyu musi.


Kukw ababa i Yerusalemu n’abakuru babo batāmumenye, cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana asomwa ukw isabato itashe, ni co catumye bashitsa ivyo bāvugishijwe, hamwe bāmutsindisha:


Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!


bati Ku vy’ijambo utubariye mw izina ry’Uhoraho ntitukwumvira.


kuko batumviye amajambo yanje, ni jewe Uhoraho mbivuze, ayo natumye abasavyi banje mvugisha, nama nzindurwa no kubatuma, ariko ntibaruha bumva, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ngo mwumvire amajambo y’ abasavyi biwe avugisha, abo abatumako, mber’ akāma azindurwa no kubatuma, mukanka kubumvira,


Kandi none, ko mwakoze ivyo bikorwa vyose, ni jewe Uhoraho mbivuze, nkaba nari naravuganye namwe nzinduwe no kubabgira, ariko ntimwumve, nkabahamagara ariko ntimwitabe;


None, Mana yacu, Mana nkuru, uhambaye uteye ubgoba, ni wewe ugumya isezerano n’ikigongwe, turakwinginze amagorwa yose twabonye ntuyite ikintu coroshe, ayatubayeko twe n’abami bacu, n’abakuru bacu, n’abaherezi bacu, n’abavugishwa bacu, na ba sogokuruza bacu, eka n’abantu bawe bose, uhereye igihe c’abami b’i Ashuri ugashitsa na bugingo n’ubu.


Maz’ Uhoraho abūrira Manase n’abantu biwe, ariko ntibābibabara.


ivyo vyabaye kukw Abisirayeli batumviye Uhoraho Imana yabo, ariko bakava mw isezerano ryiwe, mu vyo Mose umusavyi wiwe yabageze vyose; bakanka kuvyumvira ngo babikore.


Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite