Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 9:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 9:26
39 Referans Kwoze  

Arikw abarwanizi biwe azotuma batwarwa n’uruzi rusendanisha, kand’ abansi biwe azobakinagiza abashitse mu mwiza.


Yakūweho no kugirirwa nabi no gutsindishwa; mu bo mu runganwe rwiwe ni nde yabishizek’ umutima ko yakūwe mw isi y’abakiriho? Ibicumuro vy’abantu banje ni vyo yakubitiwe.


Yesu aramubaza, at’ Urarāba iyi nyubako ihambaye? Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


Mbega Kristo ntiyar’ akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe?


Arabishura, ati Eliya abanza kuza koko, akaroranya vyose neza. Ariko vyanditswe bite ku Mwana w’umuntu yukw azobabazwa vyinshi, agatiturwa?


Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Hanyuma abana biwe bazovyura intambara, bakoranye isinzi ry’ingabo nyinshi; zizotera zisendanishe, zidwēbēre mu gihugu, maze zizokebanuka zirwana, kugeza no kw iboma y’umwami w’i bumanuko.


Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.


nuko rero jewe Umwami Imana ngira mbatēze amazi ya rwa ruzi rundi, amazi menshi y’inkomezi, ni yo mwami w’i Ashuri n’icubahiro ciwe cose: azosēsa ku nkombe ziwe zose, adēngēre amasēsero yiwe yose;


Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.


Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;


Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu,


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


Kandi ni mwumva intambara n’impuha z’intambara, ntimuze muhagarike imitima: ntibizobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwami atahisha ubukwe bg’umwana wiwe arongora.


Kuk’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo ari we akora ku gihugu, kigaca gishonga, abakibamwo bose bagacura umuborogo; kigateragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura, kigasubira kigahwāmīra nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa;


Mbeg’ ivyo ntibizotuma igihugu gihinda agashitsi, abari muri co bose bagacura umuborogo? Kizoteragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura; gisimbagurike, gisubire gihwāmīre nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa.


Uhoraho aravuga, at’ Izina ryiwe n’umwite Sabantubanje: kuko mutar’ abantu banje, nanje sinzoba Imana yanyu.


Uyu ni nde asendanisha nka Nili, amazi yiwe agatera imipfunda nk’inzūzi?


Intege zanje zumye nk’urujo, Ururimi rwanje rufatanye n’ uruhekenyero; Kand’ unshize mu mukungugu w’urupfu.


at’ Ivyo mubona ivyo, mu misi izoza ntihazosigara ibuye rigeretse ku rindi ridasamburiwe hasi.


Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka.


Hanyuma azoja imigabo yo gusidukana n’ingabo z’igihugu ciwe cose; arikw azokwihanura, yiyuzuze n’uwo mwami w’i bumanuko, amushingire umukobga wiwe kugira ngw amuhondobereze: arikw iyo migabo ntizohagarara, ntizomubera ko.


Ikiyaga kiradūze kīziye i Babuloni: harengewe n’isinzi ry’ imipfunda yaco.


Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.


Babgira umwami, bat’ Umuntu yaturanduye, akaturonderera inama yo kutugeseza, kugira ngo ntitugire uburagamo mu gihugu cose c’ Abisirayeli,


Rāba Uhoraho afise umunyenkomezi w’ubushobozi; ni we azobatūra hasi n’inkomezi, nk’akabushungwe k’urubura, nk’ikirura gitikiza, nk’ugusendanisha kw’amazi y’inkomezi ashēshe.


None rero mureke kuba abacokoranyi, kugira ngw imvuto murimwo ntizirushirize gukanasha; kuko numvise yukw ivyo Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye ar’ ugutikiza igihugu cose.


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite