Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 9:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 9:24
50 Referans Kwoze  

Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Uti Nk’ ukw imisi ingana mwamaze mutata ico gihugu, ukw ari mirongwine, umusi uzohwana n’umwaka; uti Muzoyimara mugiweko n’ibigabitanyo vyanyu, ukw iyo myaka ari mirongwine; uti Kandi muzomenya kugirirwa umwikomo na we ic’ ari co.


Iyo myaka yabaye nk’isabato, muharūre ayo masabato murumye ndwi, muyirumye imyaka ndwi ibihetangabo ndwi; ico gihe muzosanga harimw’ amasabato ndwi y’imyaka, ni yo myaka mirongwine n’icenda.


Mose koko yaravuze, at’ Uhoraho Imana azobahagurukiriza ūvugishwa na we mu b’i wanyu ameze nkanje; uwo muze mumwumvire mu vy’ azobabarira vyose.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwitondere ibiroranye, mukore ivy’ ukugororoka: kukw agakiza kanje kagira gashike, n’ ukugororoka kwanje kugira guhishurwe.


Ni mwunamurire amaso yanyu mw ijuru, mwitegereze no kw isi hasi: kukw ijuru rizokamangana nk’umwotsi, n’isi izosāza nk’umwambaro, n’abayibako bazopfa nk’isazi: arikw agakiza kanje kazokwamah’ ibihe bidashira, kand’ ukugororoka kwanje ntikuzogira iherezo.


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Kukw inyenzi zizobarya nk’umwambaro, n’ ifukunyi izobarya nk’ubgoya bg’ intama: arik’ ukugororoka kwanje kuzokwamah’ ibihe bidashira, n’ agakiza kanje uk’ urunganwe ruzogenda rukurikirana.


Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji: Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, Ikurobanuza amavuta y’umunezero ikakurutisha bagenzi bawe.


Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.


Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.


Maz’ urangije ivyo, uz’ uheze uryamire urubavu rw’i buryo, wishirekw ibigabitanyo vy’inzu ya Yuda: nguciriye imisi mirongwine, umusi‐umusi uhwana n’umwaka.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,


kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.


Abaherezi barayakerera, batanga amaraso yayo ku gicaniro kw ikimazi gitangirwa ivyaha, ngo bahongerere Abayuda bose; kuk’ umwami yavuze kw ikimazi co kwoswa n’ikimazi co gutangirwa ivyaha bitangirwa Abayuda bose.


Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


ihanaguye n’icete kitwagiriza, kirimw’ amabgirizwa cāduhama, igikūra hagati yacu na yo, ikibamba ku musaraba.


kandi yahimbawe no kumuha kwuzuza vyose na yo, ar’ ivyo mw isi, ar’ ivyo mw ijuru, izanishije impore amaraso yo ku musaraba wiwe.


Ariko mweho mwihakana Uwera kand’ Umugororotsi, musaba ko babarekurira umwicanyi,


Uyo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubgira, ati Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo).


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


ati Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana.


Kukw abavugishwa n’Imana bose bāvugishijwe, bo n’ivyagezwe, gushitsa igihe ca Yohana,


Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.


riti Mwana w’umuntu, cura intimba uririre umwami w’i Tiro, umubgire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Ni wewe war’ akaminuza ka vyose, wuzuye ubgenge, ukaba mwiza vy’agahore.


Igihano c’ukugabitanya kwawe kirarangiye, weho mukobga, Siyoni we; Ntazokwongera kukujana kure ur’ inyagano: Ariko wewe mukobga, Edomu we, azoguhanira ibigabitanyo vyawe; Azogaragaza ivyaha vyawe.


Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.


kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabga uwizeye,


Bun’ Umurwanizi amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k’urusengero,


Kukw iyo misi izoba iyo guhōra, kugira ngw ivyanditswe vyose bishike.


Abami bo mw isi batonze urugamba, N’abakuru bakoraniye hamwe, Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta.


Kuk’ ukw imyaka yo guhanirwa ibigabitanyo vyabo ingana, nguciriye igitigiri c’ imisi kingana na yo, n’imisi amajana atatu na mirongwicenda: uko ni k’uzokwishirakw ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli.


Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.


Ntazodendebukirwa, ntazocika intege, gushitsa ah’ azoshingira amateka mw isi; ababa ku kiyaga bazokwitega ivyagezwe vyiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite