23 Ugitangura gutakamba hacuwe ijambo, kandi nzanywe no kurikubarira, kuk’ ur’ umukundwa cane; nukw iryo jambo uryiyumvire cane, utahure n’ivyo weretswe.
Arambgira, at’ Ewe muntu w’umukundwa cane, nta co utinya: mpore, mpore, gira amahoro! Akibimbgira, nca ndaremerana, ndavuga, nti Databuja n’uvuge, kuk’ unsubijemw’ intege.
Nukw aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera, gihagaze ahantu hēra, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n’Imana — ūsoma ni yiyubare —
Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.
Nd’ uw’ umukunzi wanje, Na we ndamuteye igomwe.
Ubutunzi bgawe bazobugira inyagano, basahure n’ibidandazwa vyawe; kandi bazosangangura inzitiro zawe z’ amabuye, bahomvagure n’amazu yawe ahimbaye; maz’ amabuye n’ibiti n’umukungugu vy’amasakamburira yawe bazobishiburira mu kiyaga.
riti Mwana w’umuntu, rāba, ngira nkwake ico wamizakw amaso, bije giturumbuka: ntuz’ uboroge canke ng’ urire, kand’ amosozi yawe ntācundugute.
Maze Daniyeli aba agakomeye kuruta abandi bakuru n’abaganwa, kuko yarimw’ ubgenge bg’agahebuza; mber’ umwami yiyumvira kumwegurira kuganza igihugu cose.
Maze Yesaya mwene Amosi atuma kuri Hezekiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngw Ivyo wamutakambiye ku vya Senakeribu umwami w’i Ashuri, yavyumvise.
Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.
naho coba kirimwo Nowa na Daniyeli na Yobu, abo ukw ari batatu, ukugororoka kwabo kwokiza ayabo magara gusa, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.