22 Ambgira antahuza, ati Daniyeli, ubu nzanywe no kukwungura ubgenge.
Ariko ndakubarira ivyanditswe mu gitabo c’ivy’ ukuri: kandi nta wuriho wo kuntabara kubarwanya atari Mikayeli umugabisha wanyu.
Maze numva ijwi ry’umuntu riturutse hagati mu ruzi Ulayi, rihamagara, riti Yewe Gaburiyeli, tahuza uwo muntu ivyo yeretswe.
Maze ndabaza, nti Mugenzi, ibi n’ibiki? Umumarayika twavugana aranyishura, ati Ndakubarira ivy’ ari vyo.
Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.
Nuk’ umumarayika twavugana arambarira, ati Semerera uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mfūhiye i Yerusalemu n’i Siyoni ifūhe ryinshi.
Nuko nēgēra umwe mu bari bahagazeho, ndamwinginga ngw ambarire ivy’ ukuri vyo mur’ ivyo vyose; arabimbgira, ammenyesha uko bisobanurwa.
Nuko none nzanywe no kugutahuza ibizoba ku bgoko bganyu mu misi y’iherezo; kukw ivyo weretswe ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.
Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.
Arambgira, ati Daniyeli, muntu w’ umukundwa cane, utahure amajambo ngira nkubgire, va hasi uhagarare, kuk’ ubu ngutumweko. Amaze kumbgira iryo jambo, mpagarara mpinda agashitsi.
Maz’ arambgira, ati Nta co utinya, Daniyeli; kuk’ uhereye umusi washiriye umutima ku gutahura, no kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumviswe; kand’ ayo majambo yawe nyene ni yo anzanye.