Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Daniyeli 9:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 None rero, Mana yacu, umve se ugusenga kw’umusavyi wawe n’ugutakamba kwiwe, kandi kubgawe Mwami umurikishirize mu nyonga hawe ahēra hawe habaye imisaka.

Gade chapit la Kopi




Daniyeli 9:17
20 Referans Kwoze  

Uhoraho Mana Nyen’ ingabo, utwigarurire, Umurikishe mu nyonga hawe, natwe turakira.


Bitewe n’uk’ umusozi Siyoni ucitse amatongo: Imbgebge zisigaye zihatambatamba.


Ivy’ Imana yasezeranye uko bingana, muri we ni ho Ego me riri: ni co gituma ari we adutera kuvuga ngo Amen, ngw Imana ishimishwe natwe.


Mana, Nyen’ ingabo, utwigarurire, Umurikishe mu nyonga hawe, natwe turakira.


Mana utwigarurire, Umurikishe mu nyonga hawe, natwe turakira.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe.


Bgirukiro wumve; Bgirukiro uharire; Bgirukiro utege ugutwi ugire ico wokora, ntutebe; bibe kubgawe, Mana yanje, kuk’ umurwa wawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe.


Umurikishirize umusavyi wawe mu nyonga hawe: Unyigishe ivyo washinze.


Ewe Mwungere w’Abisirayeli, tega ugutwi, Ni wewe urōngōra aba Yosefu nk’umukuku; Ewe uvyagira ku Bakerubi, kayangana.


Imana itugirire ikigongwe, iduhe umugisha, Itwakishirize mu nyonga hayo. Sela.


Hariho benshi babaza, bati Ni nde azogira iciza atwereka? Uhoraho, utwakishirize umuco wo mu nyonga hawe.


None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.


Kubganje, mbere kubganje nyene nzobikora; n’iki cotuma izina ryanje rikēngērwa? Kand’ icubahiro canje sinzogiha uwundi.


Arik’ Uhoraho Mana yanje, shira umutima ku gusenga kw’umusavyi wawe no ku kwinginga kwanje, zirikana ugutakamba kwanje n’ ugusenga jewe umusavyi wawe nsengeye imbere yawe uyu musi,


Kugira ngw inzira yawe imenyekane mw isi, N’agakiza kawe mu mahanga yose.


Shingūra inyundo zawe, uje mu bitongozi vy’intahava: Abansi bākoreye ahēra ibibi vyose.


Uhoraho, Mana Nyen’ ingabo, Uzogeza ryari gupfunduka uburake urakira ugusenga kw’abantu bawe?


Wumva ijwi ryanje; ntukinge ugutwi kwawe ngo ntiwumve kuniha kwanje n’ugutaka kwanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite